Leta y'Ubwongere iriyamiriza urwanko ku bimukira

David Cameron

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

David Cameron avuga ko urwanko ku bimukira rudashobora kwihanganirwa

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yiyamirije ico yise amacakubiri atagira izina ariko aragirirwa abimukira n'abo mu moko y'inkewa nyuma y'itora ryo kuva muri EU.

David Cameron yavuze ko abanyepolitike bafise inshingano yo kwunga igihugu.

Ngo ibikorwa vyo kwonona inyubakwa hwaniro y'Abanyepolonye hamwe no gutuka abantu bidashobora kwihanganirwa.

Igipolisi c'Ubwongereza kivuga ko habaye ukwiyongera kw'ibikorwa vy'urwanko mu muri ino minsi mike iheze.