Abasirikare ba Amisom bamaze amezi 6 badahembwa
Abasirikare ba Amisom bamaze amezi 6 badahembwa
BBC yameneye ko abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Somalia bagiye kugwanya al-Shabab bamaze amazi atandatu badahembwa.
Amahera y'abo basirikare 22,000 b'ubumwe bwa Afrika (Amisom) bari kugwanya umugwi wa al-Shabab, atangwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.
Inkuru ziva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya zashikiriye BBC zivuga ko ayo mahera y'amezi atadatu yafatiriwe bivuye ku bibazo vyo kuyaharura.
Abategetsi ba Amisom babwiye BBC ko impapuro zitagira agatosi z'ayo mahera bamaze kuzirungika.