Sadio Mane umukinyi wa mbere azimvye muri Afrika

Sadio Mane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Sadio Mane agiye gukinira umugwi wa Liverpool

Umugwi wa Liverpool wahejeje kugirana amasezerano na Southampton ku mukinyi Sadio Mane aguzwe amadolali imiliyoni 45.

Abaraba ibintu n'ibindi mu nkino z'umupira w'amaguru bavuga ko ayo masezerano atumye aba umukinyi wa mbere azimvye wo ku mugabane wa Africa.

Mane wo mu gihugu ca Senegal afise imyaka 24, yatsinze ibitego 21 mu nkino 67 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu mugwi wa Southampthon, inyuma yo kuja muri uwo mugwi ku mamiliyoni 13 y'amadolali ava muri Salzburg.

Yavuze ko yashimishijwe cane no kuja muri umwe mu migwi ikomeye cane ku mugabane wa Buraya.