Afghanistan: Amatohoza kubononye abana b'abahungu

Ashraf Ghani

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Prezida wa Afghanistan Ashraf Ghani yatanze itegeko ryo guhana abonona abana b'abahungu mu gipolisi

Prezida wa Afghanistan, Ashraf Ghani, yategetse ko haba amatohoza ku bivugwa ka kabaye akamenyero kwonona abana b'abahungu mu gipolisi.

Yemeye ko ababigizemwo uruhara bazohanwa inyuma y'aho abamenyeshamakuru bavugiye ko mu ntara yo mu bumanuko ya Uruzgan, abapolisi bonana abana b'abahungu bagize abaja.

Itororokanirizo ry'amakuru ry'abafaransa AFP ryavuze ko aba taliban na bo binjiza abana mu barwanyi babo kugira babakoreshe mu bitero vy'ubwiyahuzi bikorwa ku gipolisi.