Icegeranyo ku gitero c'i Benghazi

Hillary Clinton

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abademocrate bavuga ko ari uruhigi rwo gushaka gucapfuza umupfasoni Clinton mu myiyamamazo arimwo yo kuba prezida wa Amerika.

Icegerenyo ku gitero cahitanye abantu ku nzu y'ubuserukizi bwa Amerika i Banghazi muri Libya mu 2012, kirasohoka uyu musi.

Uburebure n'ibiri muri ayo matohoza y'abarepublicain vyamwe vyagiriza uwuharanira kwitoza mu kibaza ca prezida Hillary Clinton , yari umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire ico gihe.

Umumenyeshamakuru wa BBC i Washington avuga ko ico cegeranyo kiza kwerekana ibindi vyemeza ko habaye ukwivuguruza ku vyashikirijwe ku bitero vya Benghazi kandi kikaza kwagiriza prezida Obama kuba yafashe minenegwe ico gitero kubera impamvu za politike.

Abademocrate bavuga ko ari uruhigi rwo gushaka gucapfuza umupfasoni Clinton mu myiyamamazo arimwo yo kuba prezida wa Amerika.