Umugwi wa Yanga watsindiwe iwabo

Yanga and TP Mazembe
Insiguro y'isanamu,

Yanga yatsinzwe na TP mazembe 1-0

Umugwi wa TP Mazembe wo muri Congo watsinze Yanga ya Tanzania 1-0 ku musi wa kabiri mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Uwo mugwi wa RDC watsinze ico gitsindo ku munota wa 75 biciye ku mukinyi Merveille Bope Bokadi ahawe umupira na Roger Assales.

Iyo ntsinzi ku kibuga cari cuzuye abakunzi ba Yanga kubera ingingo yari yafashwe yo kutabarihisha, itumye uwo mugwi ushobora kurangiza ari uwa mbere mu mugwi A.