Umwanditsi wa "Concubine" yitavye Imana

Umwanditsi rurangiranwa wo mu gihugu ca Nigeria, Elechi Amadi yitavye Imana afise imyaka 82.
Umwanditsi rurangiranwa wo mu gihugu ca Nigeria, Elechi Amadi yitavye Imana afise imyaka 82.
Amadi yanditse ibitabo bizwi cane nka The concubine, Isiburu, Sunset in Biafra, Peppersoup na The Road to Ibadan yitavye Imana ku musi wa gatatu isaha icenda, inyuma y'indwi imwe bimenyekanye ko agwaye.
Inkuru zivuga ko nyakwigendera yari yitezwe ku musi mukuru wo gusoma ibitabo i Hacourt ariko ntivyakunze kuko yaciye agwara.
Yavukiye mu karere ka Aluu mu ntara ya Riverstate mu mwaka wa 1934.
Elechi Amadi yize i Umuahia, na kaminuza ya Ibadan aho yaronkeye urupapuro rw'umutsindo mu vyigwa vya Physique n'ibiharuro.
Yigeze kandi gukora akazi muvyerekeye amatongo.