Hari amashengero n'imisigiti vyugawe i Lagos muri Nigeria

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu benshi baridogera urwamo ruva mu misigiti n'amashengero
Ubutegetsi bw'igisagara ca Lagos mu gihugu ca Nigeria bwugaye amashengero 60 n'imisigiti 20 mu ntumbero yo kugabanya urwamo.
Amahoteli cumi hamwe n'inzu zo kwidagaduriramwo nyinshi na vyo nyene vyugawe.
Igisagara ca Lagos urimwo abantu bababa imiliyoni 10, amahodi y'imodoka, ibisabisho vyo mu misigiti n'indirimbo zo mu mashengero ni vyo vyumvikana cane muri ico gisagara.
Mu kwezi kw'umunani, ubutegetsi bwarugaye ibibanza 22 inyuma y'aho abahegereye bidogeye ko hari urwamo rwinshi ruva muri ivyo bibanza.