Kompanyi ya Nation iriko irugara ibigo vyayo vyinshi

QFM

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

QFM n'imwe mu maradio ya Nation Media Group yugawe n'iyo kompanyi

Ikompanyi ikomeye cane mu kumenyesha amakuru mu buseruko bwaa Africa, Nation Media Group, iriko irugara bimwe mu bigo vyayo.

Ivyo bitumye abakozi amajana n'amajana batakaza akazi.

Abirukanywe ntibari barekuriwe kwinjira aho bahora bakora ku muri wa kane mu gitondo.

Mw'itangazo ry'iryo shirahamwe, rivuga ko ryugaye amaradio atatu(Nation FM, QFM na KFM) hamwe na television imwe ya QTV.

Nation Group bavuze ko bari mu nzira yogukoresha ubuhinga bwa none, kandi bashobora gushimikira kurusha kuri ubwo buhinga, na cene cane ku matelefone ngendanwa.