Ubufaransa 'bukwiye kunagura iperereza'

Abenshi baguye mu gitero ca Bataclan

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ibitero vy' i Paris mu kwa 11 umwaka uheze vyahitanye abantu 130

Umurwi w'inama nshingametka w'Ubufaransa wakoze itohoza ku kumenya uko ibintu vyagenze mu gihe c'ibitero vy'umurwi Islamic State mu muji wa Paris, uvuga ko ibisata bitandukanye vy'iperereza, bikwiye gushirwa hamwe bigakora nk'ikigo kimwe.

Umukuru w'uwo murwi w'inama nshingamateka, Georges Fenech, avuga ko bakwiye gushinga ikigo kimeze nk'ico Abanyamerika, kijejwe kurwanya iterabwoba "US National Counter-Terrorism Centre".

Abantu 130 baguye mu bitero vyagabwe n'abayoboke ba Islamic State mu muji wa Paris, abenshi muri bo bakaba biciwe mu gitero cagabwe ku bari mu giteramo c'umuziki iBataclan.

Amategeko y'umukwabu yashinzwe inyuma y' ivyo bitero vyo mu kwa 11 n'ubu akibandanya, uwo murwi usanga ngo ata kinini afasha ku mutekano.

Abasirikare bari hagati ya 6000 na 7000 barongerejwe ku bacungera umutekano.

Georges Fenech avuga ko mu gihe bigaragara ko bahanganye n'ibikorwa vy'iterabwoba vy'abaturuka mu gihugu hagati, ari ngombwa kwongera inguvu mu iperereza.