Abategetsi mu gipolisi ca Kenya bari imbere ya sentare.

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu benshi biyamirije ubwicanyi ndengerabutungane
Abategetsi bo mu gipolisi bagiye kwishura ku bibazo bijanye n'uruhara igipolisi coba gifise mu bwicanyi ndengerabutungane.
Umushingwamanza Willie Kimani yatanguye kuburirwa irengero inyuma yo gutanga dosiye y'urubanza, y'uwo yaburanira Josphat Mwenda yari yereze umupolisi.
Uwo aburanira nawe nyene yicanywe nawe kimwe n'umushoferi w'itagisi.
Ivyavuye mu matohoza ku buryo abo bantu boba barapfuye vyerekana ko babanje gukubitwa mu nyuma bakanirwa.
Uwakoze itohoza yasanze umushingwamanza Willie Kimani yahondaguwe mu mutwe gushika aho igufa ryo mumutwe rimeneka.
Umushoferi wa tagisi, Joseph Muiruri, nawe nyene yari afise ikiguma mu mutwe, kandi yari yanizwe.
Ariko rero ngo nyene urubanza, Josphat Mwenda niwe ngo vyagaragaye ko yari yababajwe cane, aho umutwe wiwe wamenaguwe, afise n'amaraso mu gikaraza.
Ubwo bwicanyi bwariyamirijwe n'abantu benshi mu gihugu cose.
Abapolisi batatu baramaze guhamagarwa muri uru rubanza.