Umuryango wa Mandela washavuriye DA

Ikoreshwa ry'amajwi ya Mandela na DA ryashavuje umryango wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu DA
Image caption Ijwi rya Mandela ryumvikana aho umugore yiherereye yiyumvira umugambwe yotora

Mu itangazo ryo kwamamaza umugambwe Democratic Alliance -DA, umugore yinjira mu bwiherero bw'amatora mu gihe humvikana ijwi rya Nelson Mandela avuga ku butungane, amahoro, ibikorwa n'ibifungurwa.

Uwo mugore aca aheza agatora DA.

Umukuru w'umuryango Mandla Mandela, yagiriza umugambwe DA gukoresha izina rya sekuru mu ntumbero yo "gukomeza gutonesha abazungu".

Muri Afrika y'epfo hakomeza kuduga icuka kibi mu gihe bimirije amatora y'inzego z'intango mu kwezi kuza.