Ivyavuye mw'itohoza ku ntambara ya Iraq biraja ahabona

Ahavuye isanamu, Reuters
Itohoza ku ntambara ya Iraq ryari rimaze imyaka 7
Umurwi wo mu Bwongereza wari umaze imyaka indwi utohoza ku ntambara ya Iraq wasohoye icegeranyo cawo, kivuga ku ruhara rw'inzengo, ndetse n'abantu ku giti cabo, ku ngingo yo kuja muri Iraq.
Ico cegeranyo cavuye mw'itohoza ryari rimaze imyaka imyaka indwi, kigizwe n' ibitabo 12, birimwo amajambo agera kuri miriyoni 2.6.
Umukuru w'umurwi washinzwe iryo tohoza John Chilicot, avuga ko yizeye ko yizeye ko ingingo yo kurungika abasirikare ku rugero nk'urwari mu ntambara ya Iraq, itazokongera gufatwa muri kazoza, bitabanje gusuzumwa neza hakajamwo n'ubushishozi bwa politike.
John Chilcot avuga ko gutera Iraq mu 2003, atariyo nyishu ya nyuma yashoboka nk' uko vyashikirijwe abashingamateka n'abanyagihugu.
Avuga ko Saddam Hussein ata kibazo giteye ubwoba cihuta kinini yari ateje, amakuru yatanzwe n'abakora iperereza nayo ngo ntashobora kubonerwa insiguro.
Icegeranyo ku ntambara ya Iraq kigereranywa gite n' ibindi bitabo?
Ingingo yo kuja mu ntambara ya Iraq yafashwe mu 2003 n'uwari umushikiranganji wa mbere Tony Blair, inyuma y'ingingo y'inama nshingamateka yatanga uburenganzira bwo kurungika ingabo muri iyo ntambara, niyo yabaye ingingo ya mbere muri politike y'imigenderanire n'amahanga itumvikanyweko na benshi mu kiringo c'imyaka 50.
Bwana Blair ni umwe mu bantu bagera ku 100 bahamagawe nk'ivyabona kubazwa n'uwo murwi w'itohoza urongowe na John Chilicot.