Oscar Pistorius yakatiwe gupfungwa imyaka 6

Pistorius yari amaze umwaka mu mvuto Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Oscar Pistorius yahawe imyaka 6 y' igipfungo kubera kwica Reeva Steenkamp

Sentare yo muri Afrika y'epfo yahanishije umunonotsi Oscar Pistorius, imyaka 6 y'umunyorororo ku caha co kwica umukunzi wiwe Reeva Steenkamp.

Bwana Pistorius vyari vyitezwe ko ahabwa n'imiburiburi igipfungo c'imyaka 15, ariko umucamanza Thokozile Masipa, yavuze ko ibituma agabanirizwa igihano vyaruse ubukomezi bw'icaha.

Pistorius yari amaze umwaka mu mvuto, ku gihano yari yahawe co gupfungwa imyaka itanu, kubera kwica atabiteguye, imbere y'uko icaha camuhamye gihinduka ico kwica abishaka, urubanza rumaze kwinguruzwa.

Uyu mugabo yatsindiye umudari wa zahabu mu nkino za Olympic, yarashe Reeva Steenkamp incuro zine, aho yari yiyugaraniye mu cumba c' ubwiherero bw' inzu yiwe, hari mu kwa kabiri 2013.