Bimwe mu biri mu cegeranyo ca Chilcot

Ahavuye isanamu, Stefan Rousseau/AP
Tony Blair yireguye ku cegeranyo ca John Chilcot, kivuga kubitari vyuzuye mugufata ingingo yo kuja muri Iraq
Sir John Chilcot yavuze ko Ubwongereza bwahisemwo kuja muri iyo ntambara yari irongowe na Leta zunze Ubumwe za Amerika, imbere y'uko izindi nzira z'amahoro zose zo kwaka ibirwanisho Iraq zirangira.
Yavuze ko ubu bigaragara neza ko kuja mu ntambara ya Iraq vyashingiye ku makuru atari ayo ukuri, kandi ko hari ibitihwejwe ariko vyarategerezwa.
Ubwongereza bwahisemwo kuja mu ntambara ya Iraq imbere y'uko izindi nzira z'amahoro zo gukura ibirwanisho zinanirwa
Yavuze ko ubu bigaragara neza ko kuja mu ntambara ya Iraq vyashingiye ku makuru atari ayo ukuri, kandi ko hari ibitihwejwe ariko vyarategerezwa.
John Chilcot avuga ko Iraq itari iteje impungenge nk'izavugwa, kandi ibirwanisho ruhonyanganda vyavurwa ko ico gihugu gifise, vyatangazwa nk' uko umengo nta madidane na mba arimwo.
Uburyo ingingo yo kuja mu ntambara ya Iraq yafashwemwo nk'iyikurikije amategeko ntibwari bushimishije na mba
Ibitero vy'Ubwongereza muri Iraq vyatanguye kuwa 20/03/2003, ariko hageze kuwa 13, umushingwamanza mukuru Lord Goldsmith, atarashikiriza nimba kurungika abasirikare muri iyo ntambara vyoba bikurikije amategeko.