Itegeko rishasha rihana abafata ku nguvu mu Budagi

Germany
Insiguro y'isanamu,

Inama nshingamateka y'Ubudagi yemeje itegeko riraba ugufata ku nguvu, aho ngo "oya bisigura oya", n'aho uwufashwe ku nguvu atokugwanya.

Inama nshingamateka y'Ubudagi yemeje itegeko riraba ugufata ku nguvu, aho ngo "oya bisigura oya", n'aho uwufashwe ku nguvu atokugwanya.

Hari abahora banebagura amategeko y'Ubudagi ku vyerekeye ifatwa ku nguvu.

Ico kibazo congeye kuvyuka inyuma y'aho habaye ibitero vyinshi bifatiye ku bitsina ku bapfasoni mu gisagara ca Cologne mu misi mikuru yumwaka mushasha.

Iryo tegeko ryemejwe n'abashingamateka benshi mu nama nshingamateka, Bundestag, ku musi wa kane.

Iryo tegeko rishasha rizokorohereza reta kwirukana abimukira bafatiwe muri iryo kosa.