Abantu 12 baguye mu musunikano w'imodoka

Indonesia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu 12 baguye mu musunikano w'imodoka mu gihugu ca Indonesia, watumye amamiliyoni y'abantu barara mw'ibarabara imisi myinshi

Abantu 12 baguye mu musunikano w'imodoka mu gihugu ca Indonesia, watumye amamiliyoni y'abantu barara mw'ibarabara imisi myinshi.

Benshi bapfuye bazize ibira ry'amazi mu mubiri n'uburuhe.

Abantu benshi bariko baraja mu musi mukuru wo kurangiza ukwezi gutagatifu kwa Ramadhan, bahuriye mw'ibarabara rimwe ryo mw'izinga rya Java.

Aho ni ho umusunikano w'imodoka watanguriye.

Abategetsi bajejwe uruja n'uruza mu gihugu ca Indonesia bavuze ko abo bapfuye mu misi itatu.

Ibimenyeshamakuru mu gihugu ca Indonesia bivuga ko benshi mu bapfuye ari abatama, baguye mu mamodoka kubera ubushuhe bwinshi.

Umwana w'uruyoya na we yitavye Imana azize ico bibaza ko ari guhema impwemu mbi irimwo umwotsi w'imodoka.