Ku myaka 10 , kg 188 vyahinduriye ubuzima Arya Permana
Ku myaka 10 , kg 188 vyahinduriye ubuzima Arya Permana
Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu OMS ryemeza ko Indoneziya ari kimwe mu bihugu bihanzwe n'ikibazo c'amagara y'abana.
Ico gihugu, abana bahanzwe n'ubuvyibuhe burenenze , mu gihe abandi badafungura bikwiye.
Ishirahamwe OMS mu cegeranyo caryo, risanga ibice 12% vy'abana bari munsi y'imyaka itanu muri Indoneziya bafise ibiro birenze.
Abandi nk'abo, 12% nyene, bahanzwe n'ingwara zo kudafungura bikwiye.
Mu gace ka Karawang, bibaza ko Arya Permana ariwe mwana wa mbere avyibushe kurusha abandi kw'isi.
Afise imyaka cumi gusa, ariko ageze ku biro 188.