Bahamas igabisha abagendera USA

Philando Castile na Alton Sterling, abirabure 2 bishwe muri iyi ndwi

Ahavuye isanamu, Facebook

Insiguro y'isanamu,

Icuka kibi caduze inyuma y' urupfu rwa Philando Castile na Alton Sterling

Leta ya Bahamas itekerera imenyesha abanyagihugu bayo bifuza kugendera Leta zunze Ubumwe za Amerika, ko bakwiye kwigengesera mu gihe bahuye n'igipolisi.

Ivyo bibaye inyuma y'aho abirabure babiri barasiwe n'abapolisi, mu nyuma abapolisi batanu nabo bakicwa mu gihe c'imyiyerekano mu muji wa Dallas.

Ubushikiranganji bwa Bahamas bujejwe imigenderanire n'amakungu, bugabiha abanyagihugu baja muri Leta zunze Ubumwe za Amerika kwigengesera, cane cane abakiri abasore.

Hafi ibice 90% vy'abanyaihugu ba Hamas n'abirabure.