Umugera mushasha muri terefone za Android

Ahavuye isanamu, AP
terefone zirimwo porogarama za kera za Android nizo zikarirwa n' imigera
Uretse gushira Apps muri terefone, umugera wateye terefone za Android ufise n'ubushobozi bwo gusuma urusaku abo winjiriye muri terefone, mu kuraba imbuga bamenyereye kujako kuri internet.
Abashakashatsi bavuga ko uwo mugera urungikwa muri terefone cane cane zo mu bwoko bwa Android, winjiriza 300.000 vy'amadorari buri kwezi, abawukoze.
Amaterefone akarirwa kurungikwamwo uwo mugera aturuka cane cane mu Bushinwa.
Habonetse ubwiyongere budasanzwe bw'ibitigiri vya terefone zinjiranywe n'uyo mugera, bwasuzumwe n'amashirahamwe abiri atandukanye, 'Checkpoint' na 'Lookout'.
Lookout yise ubwoko bw'uwo mugera 'Shedun', ariko ishirahamwe Checkpoint rikawita 'Hummingbad'.
Checkpoint itangaza ko yaronse uburyo bwo gushika mu mashini zigenzura terefone zanyegewe n'uwo mugera 'Hummingbad', aho yaboneye ko umaze kwinjira muri terefpone ziharurwa muri miriyoni 10.
Ubushinwa, Ubuhinde, Philippines na Indonesia nivyo bihugu biza kw'isonga mu birangwamwo terefone nyinshi zanyegewe n'uwo mugera.
Hummingbad, n'ubwoko bwa porogarama, izwi nka 'rootkit', icengera ibwina mu buryo terefone ikora, iyo porogarama igaca iha uburenganzira abayikoresha, bwo gukora ico bashaka kuri iyo terefone iba yanyegeyemwo.
Ubwo buryo bwo kwiha ububasha kuri terefone y'umuntu bwarakoreshejwe cane mu gutuma abantu bafyonda nko ku matangazo azamwo, kugira bigaragare ko ivyo yamamaza vyakwiragiye hose canke bizwi na benshi, kurusha uko biba bimeze mu vy'ukuri.
Ubwo buryo bwo kwiha ububasha kuri terefone burakoreshwa kandi mu gushiramwo Apps zigaragara nk'izisanzwe zikoreshwa ariko ari inyiganano zazo, cane cane mu ntumbero yo gukwiragiza amaporogarama uwo murwi urungika iyo migera uba wahembewe gukwiza hose.
Ahavuye isanamu, JUNG YEON-JE, Gettyimages
Umugera musha ukarira cane terefone za Android za kera
Kristy Edwards, wo mw'ishirahamwe Lookout, avuga ko uwo mugera wiha ububasha bwo kuguma muri terefone n'ubwo nyeneyo yogerageza gufuta vyose agashiramwo gushasha porogarama.
Uyo mugera winjizwa muri za terefone, ucishijwe mu buryo bwa kera bukoreshwa muri terefone zo mu bwoko bwa Android buzwi ku mazina ya KitKat na JellyBean.
Uburyo bushasha buri muri Android ubu bukaba ari Marshmallow.
Mw'itanganzo ryasohowe na Google, imenyesha ko haheze igihe kitari gito bakwirikirana uburyo uyo mugera ugenda uhinduka, ngo bakaba bariko baratunganya gushasha uburyo bwo gusuzuma no gutangira ikwirakwizwa rya Apps zirimwo uwo mugera.
Google iherutse gusohora uburyo bushasha bwo kwikingira imigera ku bakoresha za terefone zo mu bwoko bwa Android muri uku kwezi, aho bwafashije gutangira amayeri agera kuri 108, yashobora guteza ibibazo.
Muri uyu mwaka wonyene, uburyo bwo kwikingira kuri Android bumaze gutangira imigera ishika 270.