David Davis ashaka kurega Tony Blair

Bamwe baravuga ko Blair atakurikije amategeko mu kuja mu ntambara ya Iraq Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Icegeranyo c'itohoza ku ntambara ya Iraq cerekanye ko hari amakosa yakozwe na Tony Blair

David Davis ashaka gushikiriza icifuzo co gusaba ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Tony Blair abazwa impamvu yahubishije inama nshingamateka mu gihe co kuja mu ntambara ya Iraq.

David Davis yabwiye BBC ko bwana Blair atahubishije inama nshingamateka rimwe gusa, ahubwo incuro zitanu igihe yayisobanurira kuri ico kibazo.

Ivyo bije inyuma y'icegeranyo caheruka gusohorwa muri iyi ndwi n'umurwi wakoze itohoza ku mpamvu zatumye Ubwongereza kugira uruhara mu ntambara ya Iraq, caneguye uburyo Tony Blair yavyifashemwo.

John Prescott, yari icegera c'umushikiranganji wa mbere igihe Ubwongereza bwaja mu ntambara ya Iraq mu 2003, avuga ko ingingo y'Ubwongereza n'iya Leta zunze Ubumwe za Amerika yo gutera Iraq, itari ikurikije amategeko.

John Prescott yanditse mu kinyamakuru Sunday Mirror, ko azoguma yibuka ku mutima, iyo 'ngingo itana mu kaga' ubuzima bwiwe bwose.

Tony Blair yarasavye imbabazi ku makosa yakoze, ariko akomeza guhagarara ku ngingo y'uko vyari ngombwa kujana igihugu mu ntambara.

Ntibizwi neza nimba umukuru w'inama nshingamateka azokwemera kwakira ico cifuzo ca David Davis co kurega uwari umushikiranganji wa mbere Tony Blair.