Leta y'Ubwongereza igiye kuramutswa May

Theresa May
Tharesa May yahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati yemejwe kuyobora umugambwe 'Conservative' inyuma y'aho uwundi mukandida umwe rudende bahiganwa akuriyemwo akarenge.
David Cameroon yari asanzwe muri ayo mabanga, avuga ko azorongora inama y'abashikiranganji yiwe ya nyuma, hanyuma yishure ku bibazo vy'abashingamateka, imbere yo kuja gushikiriza umwamikazi Elizabeth ko yeguye ku munsi wa gatatu.
Theresa May yiyemeje kuzoronsa igihugu ubuyobozi gikeneye, kugirango gishobore gukura ingingo zikibereye mu biganiro ku kuva mu Bumwe bwa Bulaya, no kuronka ikibanza gisha mu makungu, hamwe no kwunga abanyagihugu.
Yemereye kandi Abongereza bose kubereka inzira imwe, aho ngo bazoba bafise ububasha bwo kwitunganiriza ubuzima bwabo.