Prezida museveni yahagaze mu nzira yitaba telefone

President Museveni

Ahavuye isanamu, YOWERI MUSEVENI/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Prezida Museveni yavuye mu modoka yicara iruhande y'ibarabara yitaba telefone

Prezida museveni yahagaritse urukurikirane rw'imodoka ziwe kugira yitabe telefone, mu kigwati kimwe kiri hagafi y'Urubihe Tanzania ihana na Uganda.

Uvyemere canke ubireke, prezida Museveni yururutse imodoka yiwe aca afata intebe yiwe yicara iruhande y'ibarabara rishasha rya Isingiro, rica mu kigwati ca Kyeirumba rigashika mu gihugu ca Tanzania, kugira yitabe telefone.

Ahavuye isanamu, YOWERI MUSEVENI/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Prezida Museveni yitavye iyo telefone, ari na ko aza araramutsa abanyagihugu bariko baraca mw'ibarabara.

Prezida Museveni yitavye iyo telefone, ari na ko aza araramutsa abanyagihugu bariko baraca mw'ibarabara.

Inyuma y'iminota 30, batangajwe kubona bacanganye n'abategetsi bakuru bo muri reta.

Ahavuye isanamu, YOWERI MUSEVENI/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Prezida Museveni yaganiriye n'abanyagihugu

Vyabatangaje cane kubona prezida Museveni yicaye iruhande y'ibarabara ku ntebe.

Abaganda bakwiragije iyo foto ku mbuga ngurukanabumenyi, biboneka ko atari nshasha.