Amashusho yerekana ivyabaye mu gitero c'i Nice
Amashusho yaturutse ahabareye igitero cahitanye abantu 84 mu bari mu munsi mukuru i Nice mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, EPA
Ikamyo yisutse mu bantu mu muji wa Nice mu bumanuko bw'Ubufaransa, ihitana abaharurwa mu mirongo, barimwo n'abana.
Ahavuye isanamu, AP
Abapolisi bafise inkoho bariko begereza ikamyo mu kibanza c'umushoferi, bamaze kurasana nawe
Ahavuye isanamu, AFP
Ikiyo c'imbere kw'ikamyo cari cuzuye intoboro z'amasasu bishoboka ko yarashwe n'abajejwe umutekano, bavuze ko bishe umushoferi yarimwo. Bavuze ko basanze inkoho n'amagerenade muri iyo modoka.
Ahavuye isanamu, AFP
Muri Nice bari basanzwe bari mu munsi mukuru aho bariko barekura imbeya z'amabara, igihe igitero caba.
Ahavuye isanamu, EPA
Ahazwi kw'izina rya Promenade des Anglais, ikamyo yagenze ibirometero 2 mu kirwi c'abantu.
Ahavuye isanamu, AFP
Abajejwe gutabara baciye bahashika ubwo nyene. Abantu benshi bari bishwe, abandi bakomeretse.
Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi basavye abantu kuguma mu mazu
Ahavuye isanamu, Eric Gaillard / Reuters
Ababibonye bavuga ko ikamyo yagenda ihushagurika, isa n'ishaka kugonga abantu benshi bashoboka.
Ahavuye isanamu, AP
Perezida w'Ubufaransa Francois Hollande yavugiye kuri tereviziyo, aho yatangaje ko ico ari "igitero c'iterabwoba."
Ahavuye isanamu, AP
Abasirikare barungitswe mu muji wa Nice. Abajejwe ubutungane bavuga ko batanguye itohoza ku caha c'iterabwoba.
Ahavuye isanamu, AFP
Umusjhikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubufaransa Bernard Cazeneuve, yabwiye abanyamakuru ibimaze kumenyekana ku gitero ca Nice
Ahavuye isanamu, Eric Gaillard / Reuters
Kuwa gatanu mu gitondo, ibisigarira vyo mw' ijoro ryakeye biracasanzaye mw'ibarabara, Amabendera mu Bufaransa yurijwe kugeza hagati, igiteramo ca Jazz cari kuba i Nice casibijwe.
Ahavuye isanamu, ANNE-CHRISTINE POUJOULAT / AFP
Umunyamakuru wa BBC Jon Donnison ari muri Nice, avuga ko haboneka ubwoba no kwumirwa, muri uwo muji ukikijwe n'ikirere ciza c'inkengera z'amazi.
Ahavuye isanamu, BORIS HORVAT / AFP
Abajejwe amatohoza bamaze gutangura ahabareye igitero