Uwarashe abapolisi muri Amerika "yavugira" abirabura

Baton Rouge
Insiguro y'isanamu,

Uruhagarara i Baton Rouge ni rwose nyuma y'indwi zibiri abapolisi barashe umugabo w'umwirabura

Umugabo yarashe abapolisi batatu mu muji wa Baton Rouge muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yasohoye video avuga ko ababajwe n'ibikorerwa abirabura muri Amerika.

Mw'iyo video avuga ko ababajwe cane n'ivyo abapolisi bakora, ahamagarira abagabo b'abirabura kwitangira ubwoko bwabo.

Gavin Long, yahoze ari umusirikare w'umumarine muri Amerika, yari yafashe video imwe i Dallas haciye iminsi itatu abapolisi batanu bahiciwe.

Yanahamagariye kandi abirabura kwirwanako mu gusesa amaraso.

Insiguro ya video,

Video ngufi y'ukuntu kurasana Baton Rouge kwagenze

Uruhagarara i Baton Rouge ni rwose kuva aho umugabo w'umwirabura arasiwe n'abapolisi, haciye indwi zibiri.

Prezida Obama yahamagariye abantu kwigumya.