Uwatemaguye abantu mu Budage yari afise ibendera ya IS

Igitero muri gariya moshi mu Budage Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umuhungi w'imyaka cumi n'indwi wo muri Afghanistan niwe yatemaguye abantu muri gari ya moshi

Abajejwe intwaro mu bumanuko bw'Ubudage bavuga ko basanze mu cumba c'umuhungu yatemaguye abantu, ibendera ry'umugwi Islamic State yicapiye wenyene.

Uwo muhungu w'imyaka cumi n'indwi, ni impunzi yo muri Afghanistan, akaba yateye abantu bari muri gari ya moshi.

Yakomerekeje bimwe bikomeye abantu bane bo muri Hong Kong akoresheje ishoka n'imbugita, hafi y'umuji wa Wurzburg.

Mu nyuma abapolisi bahavuye barasa uwo muhungu baramwica.

Ubu bariko baratohoza icatumye akora ivyo, hakaba hari n'ababibonye bavuga ko yikirije ijwi hejuru avuga ati "Imana ni nkuru" mu carabu.

Umunyamakuru wa BBC ari mu Budage avuga ko hari abatanguye kwumva ko hashobora kuzoba ibikorwa vy'intagondwa za Islam nk'ibibera mu Bufaransa.

Ibindi bisa n’ibi