Ni igiki catumye amashure 200 aturirwa muri Kenya?

Inama nshingamateka ya Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Inama nshingamateka ya Kenya irabaza igituma amashure aguma aturirwa

Umushikiranganji ajejwe indero muri Kenya yahamagajwe mu nama nshingamateka ngo asigure icatumye amashure 200 aterwa agaturirwa mu mezi abiri.

Fred Matiangi yavuze ko ikintu conyene cotuma guturira amashure bihagara, ari gukurikiranwa mu butungane gushemeye.

Yahakanye amakuru avuga ko abanyeshure baturira ayo mashure kuko badashima ingingo z'uburezi ziheruka gufatwa muri Kenya, nko guhindura amatariki y'ibice vy'umwaka w'ishure.

Yavuze ko hari abarimu bariko baragirwako amatohoza, kuko ngo bahimirije ivyo bitero kugira ibimenyetso kuri bo bisamburwe.