Uburusiya bushobora gufatirwa ibihano muri Olympic?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya bushobora gufatirwa ibihano ruhasha bivuye ku ceberanyo cerekeye gukoresha imiti yongereza inguvu ca MacLaren
Abategetsi b'inkino za olympic bashobora gufatira ibihano Uburusiya inyuma y'icegeranyo ca MacLaren, cagiriza ico gihugu gushigikira ikoreshwa ry'imiti yongereza inguvu.
Uburusiya bwotegerejwe kutaronka uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olympic inyuma y'ivyagaragaye ko reta yamaze imyaka ine ifasha mu mugambi wo kunywa imiti yongereza inguvu, nk'uko bivugwa n'urwego rujejwe kurwanya mwene iyo miti.
Icegeranyo casabwe gukorwa n'urwo rwego casanze umwanda muto w'abanonotsi b'abarusiya warahindurwa ku banonotsi benshi bitabiriye inkino za Olympic zo kuva mu 2011 gushika mu kwezi kw'umunani mu 2015.
Komite mpuzamakungu ya Olympic (IOC) irafata ingingo kuri uyu wa kabiri nimba ihagarika Uburusiya kuja mu nkino za Olympic z'i Rio, zitegekanijwe gutangura itariki 5 ukwezi kw'umunani.
Prezida wa IOC, Thomas Bach araza gutanga ikiganiro kuri telefone, avuga ku "ngingo zafashwe n'ibihano".
Uwo munyamategeko w'umudagi w'imyaka 62 yari rurangiranwa mu kurwanisha inkota yemeje ko "hashobora gufatwa ibihano ruhasha".
Yavuze ko ivyo ico cegeranyo cabonye "bibabaje kandi ari ibiterasoni ku nkino harimwo n'izo kwinonora imitsi".