AU igiye kurungika ingabo muri Sudani y'epfo

AU soldiers

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

AU igiye kurungika abasirikare muri Sudan y'epfo

Abakuru b'ibihugu vya Afrika bashigikiye umugambi wo kurungika ingabo zo mu karere muri Sudani y'epfo inyuma y'intambara zahuje abatavuga rumwe zihitana abantu amajana n'amajana.

Abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya bazova mu bihugu vya Ethiopia, Kenya, Rwanda, Sudan na Uganda.

Abasirikare ba Onu 12.000 basanzwe bari muri ico gihugu, ariko abo ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bazoba bafise ububasha bukomeye, nk'uko abo bategetsi babivuga.

Prezida wa Sudan y'epfo yari yananye kwemera abasirikare mvamakungu.

Prezida Salva Kiir n'umukeba wiwe, icegera ciwe Riek Machar, bamenyesheje ko bahagaritse imigwano mu ndwi iheze.

Imishamirano yamaze imisi itari mike ihuza abasirikare bashigikiye abo bagabo babiri yarageramiye amasezerano y'amahoro baheruka gushirako umukono.

"Onu nta burenganzira ifise bwo gukoresha inguvu," itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo umukuru w'akanama kajejwe amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, Smail Chergui, igihe yariko aravugira mu nama yariko irabera ku mugwa mukuru w'Urwanda, Kigali.

"Bariyo nk'abobungabunga amahoro ahari. Abasirikare ba Afrika bariteguye gukora no mu bihe bikomeye."

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Prezida Salva Kiir n'umukeba wiwe, icegera ciwe Riek Machar, bamenyesheje ko bahagaritse imigwano mu ndwi iheze.

Yasiguye ko, akazi kabo gashobora kumera nk'abasirikare 3000 badasanzwe bagiye gutuza umuhari wa M23 muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu 2013.

Mu mpera z'indwi iheze, umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Ban Ki-moon, yaramenyesheje ko ashigikiye irungikwa ry'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.