IS yerekanye kuri Video uwakoze igitero mu Budagi

Muhammad Riyad

Ahavuye isanamu, None

Insiguro y'isanamu,

IS yarekanye video aho umunye Afghanistani yagize igitero c'ishoka n'imbugita yariko arimenyereza kumara abantu

Umugwi wiyita Islamic State werekanye video aho uwo yasaba ubuhungiro wo muri Afghanistan yariko atera ubwoba imbere yo kugira igitero mw'igariyamoshi.

Uwo musore w'imyaka 17 yakomerekeje abantu bane akoresheje ishoka n'imbugita, umwe akaba yarababaye cane, mu gitero yagize i Wuerzburg ku musi wa mbere ku mugoroba.

Yararashwe n'igipolisi aca arapfa.

Muri Video, umusore yerekana imbugita avuga ko ari " umusirikare wa IS" yitegurira gukora ubutumwa bwo kwiyahura.

Abategetsi b'Ubudagi bavuze ko basanze mu cumba iwe ibendera yikoreye rya IS.

Bivugwa ko uwo musore yasemereye icivugo ca IS "Allah Akbar" (Imana ni nkuru) ariko aragira ico gitero.

Police

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ikiziga ciwe baciye bagikura vyihuta

Iryo tororokanirizo ry'amakuru rya IS rivuga ko yagize ico gitero " nk'inyishu y'akamo katewe ko kugira ibitero mu bihugu vyarungitse abasirikare kugwanya Islamic State".

Ico gitero kibaye inyuma y'imisi mike ikamyo yinjiye mw'isinzi ry'abantu i Nice mu Bufaransa, ihitana abantu 84.

Umugwi wa IS wamenyesheje ko umwe mu bayoboke bawo ari we yagize ico gitero.