Theresa May arabonana na Angela Merkel w'Ubudagi

Ahavuye isanamu, PA
Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza, Theresa May aragira urugendo rwa mbere mu makungu, mu gihugu c'Ubudagi
Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza, Theresa May, uyu musi aragira urugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga, aho aja mu Budagi kubonana na mugenzi we Angela Merkel.
Abo bategetsi babiri baraganira uko Ubwongereza bwova mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, inyuma y'amatora ya kamarampaka yabaye mu kwezi guheze.
Baraza no kuvugana ivyerekeye imigenderanire muvyo ubudandaji yo mu misi iri imbere.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier, yavuze ko yiteze ko Ubwongereza buzofata ingingo zihuta zotuma ibintu bidadanuka inyuma y'aho butoreye kuva muri EU.
Ahavuye isanamu, AP
Angela Merkel co kimwe n'abandi bategetsi ba Buraya bashaka ko Ubwongereza bwihutisha ibiganiro vyo kuva muri EU
Abamenyeshamakuru bavuga ko, gutangura ibiganiro amaso mu yandi n'umupfasoni Merkel, ari intambwe nziza ku mupfasoni May, mu gihe ariko aragerageza gutanguza ibiganiro vyotuma Ubwongereza bukura meza ata musunikano mw'ishirahamwe rya EU.