LRA yanyuruje abantu bashika 300 muri Centre Afrique

Joseph Kony mu 2006

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Joseph Kony, umukuru wa LRA, asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Umugwi w'abarwanyi bo muri Uganda, LRA, wanyuruje abantu bashika hafi amajana atatu muri Centre Afrique mu mezi atandatu ya mbere y'uno mwaka.

Nibo bantu benshi uwo mugwi umaze kunyuruza mu gihe kingana uko kuva mu mwaka wa 2010.

LRA yatanguriye muri Uganda ariko ubu ikorera cane muri Centre Afrique na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Uwo mugwi uzwi cane mu gukoresha abana b'abasirikare, umukuru wawo Joseph Kony, akaba aronderwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Ivyo bikorwa vyo kunyuruza abantu vyiyongereye mu gihe Uganda iriko irihweza gukura abasirikare bayo mu rwego rw'akarere rurwanya LRA.