Prezida Salva atera akamo Riek Machar gutaha i Juba

Riek Machar and Salva Kiir

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Prezida wa Sudani y'epfo yiyemeje gucungera umutekano wa Riek Machar mu gihe yokwemera kugaruka i Juba

Prezida wa Sudan y'epfo Salva Kiir, yasavye icegera ciwe Riek Machar, kugaruka ku mugwa mukuru w'ico gihugu, i Juba.

Machar, yavuye mu gisagara ca Juba, haheze imisi hariko haraba intambara mu ntango z'uku kwezi, hagati y'abasirikare bamushigikiye n'aba prezida Kiir, yahitanye abantu amajana n'amajana.

Prezida Kiir asaba Machar kwishura kuri ako kamo amuteye mu masaha 48, kandi ko azocungera neza umutekano wiwe mu gihe yokwemera kugaruka.

Military vehicle

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Mu ntambara yabaye mu ntango z'uku kwezi, n'imodoka za gisirikare zarasambuwe

Ariko Riek Machar yavuze ko azogaruka mu gisagara ca Juba igihe hazoba haje abasirikare ata ho begamiye barungitswe muri ico gihugu, kugira yizere umutekano wiwe.

Prezida Salva Kiir yariyamirije icipfuzo co kurungika abasirikare bavuye hanze, cari cashikirijwe n'ibihugu bigize ishirahamwe IGAD.

Deplaced people

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barataye izabo bahungira ku makambi y'abasirikare ba Onu

Abategetsi b'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, na bo nyene baremeje ingingo yo kurungika abasirikare b'iryo shirahamwe muri Sudani y'epfo.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryipfuza ko abo basirikare boba bafise ububasha buruta ubwo abo ishirahamwe mpuzamakungu Onu.