Ubwaku bw'inkoko burakinga malaria

chicken
Insiguro y'isanamu,

Ubushakashatsi bwerekana ko ubwaku bw'inkoko bwirukana imibu itera malaria

Woba uzi akandi kamaro k'inkoko uretse guta amagi, kuyirya canke kuguha umwavu?

Woba utinya kwandura ingwara ya malaria?

Ni waba koko ubitinya, noguhanura kworora inkoko!

Ubushakashatsi bwerekana ko ubwaku bw'inkoko bushobora kukurinda kwandura ingwara ya malaria.

Abashakashatsi bo mu gihugu ca Ethiopia bafashanije n'abo mu gihugu ca Suede, baherutse gutora ko imibu ifise imigera itera malaria ikora uko ishoboye mu kwigira kure ahari ubworozi bw'inkoko.

Mw'igerageza rimwe mu yandi yakozwe, bafashe inkoko ikomeye bayishira iruhande y'umuntu yipfutse umusegetera.

Ahavuye isanamu, KASSAHUN JALETA

Insiguro y'isanamu,

Mw'igerageza rimwe mu yandi yakozwe, bafashe inkoko ikomeye bayishira iruhande y'umuntu yipfutse umusegetera.

Ariko ntibiramenyekana ikintu gituma ubwako bw'inkoko bwirukana imibu.

Mu mwaka uheze, abantu 400.000 baritavye Imana bazize ingwara ya malaria ku mugabane wa Afrika, nk'uko biri mu cegeranyo ca Onu.

N'aho igitigiri c'abapfa n'abandura ingwara ya malaria kibandanya kumanuka, abahinga babandanya kugira ubushakashatsi bwo kurondera ingene iyo ngwara boyituza ubutakigaruka.

Ubwo bushakashatsi bwanditswe mu kinyamakuru "Malaria" buvuga ko umubu winukiriza umuntu imbere yo kumurya.

Mwigerageza rigira kabiri, abahinga bariko baragerageza ubwaku bw'inkoko mu gukora urucanco rwo kwikingira iyo mibu itera malaria.

Habtie Tekie wo kuri kaminuza ya Addis Abeba, mu gihugu ca Ethiopia, avuga ko uwo mugambi ubandanya kandi ko bishoboka ko igeragezwa ry'urwo rucanco ruba vuba.

Ahavuye isanamu, CDC

Insiguro y'isanamu,

Imbere yo kurya umuntu, imibu itera malaria ibanza kumwinukiriza

Abashakashatsi bo muri kaminuza y'uburimyi yo mu gihugu ca Suede, baragize uruhara muri ubwo bushakashatsi.

Vyaragaragaye ko igitigiri c'imibu cagabanutse cane ku bice vyinshi kw'ijana, ahantu hose hari ibihimba vy'inkoko, yaba ari amoya canke ibindi bice vy'ayo.

Abahinga bavuga ko, bikenewe ko ubushakashatsi bubandanya bwo kurondera ingene imibu yotuzwa, kuko gushika ubu hari ibimenyetso vyerekana ko malaria itumva imiti iriho ubu.