Uwarashe abantu i Munich ni Umudage yamuka muri Irani

Abapolisi mu gikorwa c'umutekano i Munich Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abajejwe intwaro bibaza ko abateye ari benshi baca bagomora abapolisi kubahiga

Igipolisi mu Budage kiratohoza icatumye umuhungu w'imyaka cumi n'umunani w'Umudage yamuka muri Irani, arasa abantu icenda akabica mu muji wa Munich.

Umukuru w'umuji muri ico gisagara avuga ko uwo muhungu, vyibazwa ko yaciye yiyica, yari wenyene aho yahaga ico gitero kw'isoko rya kijambere, ko kandi ata kibi yari azwiko n'abajejwe intwaro.

Yavuze ko uwo muhungu yari abaye i Munich imyaka myinshi.

Mu ntango abajejwe intwaro babanje kwibaza ko abateye ari benshi, harungikwa abajejwe umutekano benshi cane kubahiga.

Abantu batatu baracaremvye cane kwa muganga nyuma yo kuraswa.

Soma iyindi nkuru ijanye n'iki gitero i Munich

Ibindi bisa n’ibi