Leta ya Zimbabwe yiyamirije abaharaniye ukwikukira

Robert Mugabe

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abakurambere bashigikiye bwana Mugabe kuva mu myaka y'1970 bavuga ko batazomushigikira niyasubira kwitoza

Leta muri Zimbabwe yiyamirije abakurambere baharaniye ukwikukira mu kubita abagambanyi nyuma y'aho bifatiye mu gahanga Prezida Robert Mugabe.

Abajejwe intwaro bavuze ko bazoshikiriza ubutungane abasohoye urwandiko kuwa kane bagiriza bwana Mugabe kuba atwaza igitugu, hamwe no kuba arongoye igihugu cananiwe kwikura mu bibazo vy'ubutunzi.

Abo banararibonye bakoranye cane vya hafi na bwana Mugabe kuva mu gihe c'intambara yo kurondera kwikukira mu myaka y'1970, ikaba ari nayo yashikanye Mugabe ku butegetsi.

Ariko bavuga ko batazobandanya gushigikira uwo mukambwe w'imyaka mirongo icenda n'ibiri niyasubira kwiyoza.