Abantu mirongo umunani bishwe muri Afghanistan

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Igitero catumbereje abo mu bwoko bw'aba Hazara bari mu myiyerekano
Abantu mirongo umunani bishwe n'ibisasu ku murwa mukuru wa Afghanistan, Kabul, abarenga amajana abiri nabo barakomereka.
Ico gitero catumbereje imyiyerakano y'abantu bo mu bwoko bw'inkehwa bw'aba Hazara.
Umugwi w'abarwanyi wiyita leta ya Islam uvuga ko ivyo bisasu vyaturikijwe na babiri mu biyahuzi bawo.
Uwo mugwi kandi washimangiye ko abo bishwe bari abo mu bwoko bw'aba Hazara, nabo bakaba ari aba Shia, bikerekana urwanko rufatiye kw'idini.
Ico gitero ciyamirijwe n'ubuserukizi bw'ishirahamwe ry'abivunira umwansi hamwe OTAN, rifise abasirikare muri Afghanistan.
Umukuru w'igihugu Ashraf Ghani yavuze ko azokwihorera amaraso y'abishwe.