Igipolisi muri Gabon cashwiragije abiyamiriza Ali Bongo

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi cakoresheje inguvu nyinshi mu gushwiragiza abiyamiriza kwitoza kwa Prezida Ali Bongo
Amakuru ava ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville, avuga ko abapolisi bakoresheje inguvu mu gushwiragiza abaje kwiyamiriza kwitoza kwa Prezida Ali Bongo.
Mu gihe abapolsi bariko baregereza abigaragamvya, abanyamakuru bavuga ko bumvise inkoho.
Abakuru b'abatavuga rumwe na leta benshi bari muri iyo myiyerekano, harimwo n'uwuhanganye n'umukuru w'igihugu, Guy Nzoubra, yahoze ari umukuru w'inama nshingamateka.
Umukuru w'igihugu Bongo ari ku butegetsi kuva mu 2009, nyuma y'urupfu rwa se, Omar Bongo, yari amaze imyaka ishika mirongo ine ku butegetsi.