Turkiya iracashimangiye ku gusubizako igihano c'urupfyu

Ahavuye isanamu, AP
Recep Tayyip Erdogan ashigikiye kugarukana igihano c'urupfu
Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Teyyip Erdogan, aracahagaze ku ngingo yo kugarukana igihano c'urupfu naho ishirahamwe rya Buraya ritabikozwa.
Aho yavugira kuri television yo mu Bufaransa, yavuze ko ishirahamwe rya Buraya rimaze imyaka 53 ririndirije Turkiya ku mwango, muri ico gihe ngo ibihugu biri inyuma yaho mw'iterambere vyemererwa kwinjira.
Ibi bwana Erdogan abivuze mu gihe abiyamirije igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi ryo kw'itariki ya cumi na gatanu z'uku kwezi, bariko baritegurira kuremesha igikorane hagati Istambul.
Abanyamakuru bavuga ko iki gikorane, gihuza abegwa na politike nka bose, kigamije guhosha uruhagarara mu gihe leta ibandanya gufata ibihumbi vy'abakekwa gushigikira abasirikare bagerageje gutembagaza ubutegetsi.