Ubushinwa bwakoze indege nini kw'isi igwa mu mazi

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Indege y'Ubushinwa nshasha igwa mu mazi no ku butaka niyo nini kw'isi
Ubushinwa bwakoze indege ya mbre nini kw'isi ishobora kugwa mu mazi no ku butaka.
Iyo ndege y'ubwoko AG-Six Hunderd ishobora kuguruka ivuye ku butaka canke mu mazi.
Yeretswe isinzi ry'abantu bari mu kamwemwe bavuza impundu mu bumanuko bw'Ubushinwa mu ntara ya Guangdong.
Abahinga b'Abashinwa bavuga ko iyo ndege izokoreshwa mu kurwanya imiriro ya nyakanga hamwe no mu butumwa bwo mu nzuzi, co kimwe no gutwara ivya nkenegwa mu karere k'ibahari y'ubumanuko bw'Ubushinwa, ico gihugu gipfa n'ibihugu vyo mu karere.
Mu ndwi iheze indege ntoyi nk'iyo yagize isanganya ku kiraro c'ibarabara rikuru hanze y'umuji wa Shanghai, mu rugendo rwayo rwa mbere.
Izo mpari zimaze imyaka, ariko bisa naho Ubushinwa bugenda burahigarurira.