IOC ntizobuza guhiganwa abanonotsi bose b'Abarusiya

IOC

Ahavuye isanamu, IOC

Insiguro y'isanamu,

IOC ntizobuza abanonotsi b'Abarusiya kuja mu mahiganwa y'i Rio de Janeiro

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino za Olympique, IOC, ntirizohana abanonotsi bose b'Abarusiya mu kubabuza kuja mu nkino z'i Rio.

Ivyo ni nyuma y'aho itohoza risangiye abanonotsi b'Abarusiya barahahwe imiti yongera inguvu mu mugambi wa leta y'ico gihugu wamaze imyaka ine.

IOC yavuze ko amashirahamwe mpuzamakungu agenga umukino umwe umwe wose ari yo azokwihweza ibiraba umunonotsi umwe umwe ku bijanye n'ikoreshwa ry'iyo miti, hisunzwe gusa ibipimo bishobora kwizerwa.

Umunonotsi uwo ariwe wese w'Umuruyiya yokwemererwa kuja mu nkino za Rio, azotegerezwa gupimwa bimwe bikomeye.

Nta Murusiya n'umwe yari amaze guhanwa kubera gufata imiyi nk'iyo, azokwemererwa kuja mu nkino za Rio zizotangura mu kiringo kiri minsi y'indwi zibiri.