Urukino hagati ya Man City na Man Utd rwasivye

Pep Guardiola and Jose Mournho

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Urwo rukino rwari kuba rubaye urwa mbere ku bamenyereza Pep Guardiola na Jose Mournho mu migwi yabo mishasha yo mu Bwongereza

Urukino rwari rutegekanijwe hagati y'imigwi ibiri ikomeye mu Bwongereza, Manchester City ba Manchester United, yahagaritswe bivuye ku mvura nyinshi.

Urwo rukino rwari rutegekanijwe kubera ku kibuga ca Birds Nest mu Bushinwa, kandi rwari kuba ari urukino rwa mbere ku bamenyereza bashasha Pep Guardiola na Jose Mourinho.

Ku musi w'Imana, Mourinho yari yavuze ko ibintu kuri ico kibuga bitifashe neza.

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi ba Man City bazotana mu mitwe na Borussia Dortmund ku musi wa kane mu Bushinwa

N'imbere y'uko urwo rukino ruhagarikwa, Guardiola yari yavuze ko yizeye ko abakinyi biwe bataza kubabarira mu kibuga.

City na United bavuze ko "abateguye urwo rukino hamwe n'iyo migwi ibiri" bafashe ingingo yo kurusivya kuri ico kibuga cakoreshejwe mu nkino za Olupmpic zo mu 2008.

Imvura nyinshi yaraguye ku musi w'Imana, kandi abaraba ivyerekeye ihindagurika ry'ikirere bavuga ko hashobora kugwa iyindi mvura nyinshi ku musi wa mbere.

Insiguro y'isanamu,

Guardiola yari yavuze ko yizeye ko abakinyi biwe bataza kubabarira mu kibuga

Man United barasubira i Manchester uyu musi mu gihe City bazoca bafata urugendo bagana Shenzhen ku musi wa kabiri aho bazotana mu mitwe na Borussia Dortmund yo mu Budagi ku musi wa kane.