Abababa imiliyoni 9 ni bo bakoresha telefone mu Rwanda

mobile phone
Insiguro y'isanamu,

Abababa imiliyoni icenda ni bo basigaye bakoresha telefone ngendanwa mu Rwanda

Pierre Kayitana ajejwe imigenderanire na RURA mw'ishirahamwe ry'amatelefone mu Rwanda Tigo avuga ko hakoreshwe uburyo bwinshi kugira ico gitigiri ciyongere.

Avuga ko hashizwemwo cane cane amahera menshi kugira 'ama reseau' yongerekane, aho umuntu aba aronke umunara uri hagufi umuha reseau.

Ikidi catumye telefone ziyongera, ni kubera zisigaye zikoreshwa imirimo myinshi, ku buryo zitakiri izo kwitaba gusa.

Hari kandi ihererekanwa ry'amafaranga mu gihugu, hamwe no hanze.