Umwiyahuzi muri Somalia yahoze ari umushingamateka

somalia attack

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umwe mubagize igitero c'ubwiyahuzi muri Somalia yahoze ari umushingamateka gushika mu 2010

Uwahoze ari umushingamateka mu gihugu ca Somalia, n'umwe mu bantu babiri bagize igitero co kwiyahura ku mugwa mukuru i Mogadishu, nk'uko bivugwa n'abagwanyi ba al-Shabab.

Salah Nuh Ismail ari mubishe abantu 13 mu gitero c'ubwiyahuzi hagufi y'ikibuga c'indege, nk'uko bivugwa na al-shabab.

Uwuzwi kandi kw'izina rya Salah Badbado, yavuye mu nama nshingamateka ya Somalia mu 2010, amaze kwagiriza abashingamateka ko "ari abapagani".

Al-Shaba igwana ishaka gutembagaza reta ihari ubu itagira inguvu ariko ishigikiwe n'amakungu.

Akarere kanini kari mu micungararo y'ikibuga c'indege karimwo umutekano, ni ko gakorerwamwo ibikorwa vya Onu, ivyo abasirikare b'ubumwe bwa Afrika hamwe rero n'abaserukira ibihugu vyabo.

Umuhari wa Al-Shabab ufitaniye ubucuti na Al-Qaeda, wirukanywe mu gisagara ca Mogadishu n'abasirikare b'ubumwe bwa frika bafashanije n'abasirikare ba reta, ariko babandanije bakora ibitero vya bombe muri ico gisagara.

Ahavuye isanamu, ABDULAZIZ BILLOW AL

Insiguro y'isanamu,

Umwotsi ni wo waboneka mu kirere hakimara kumvikana ibintu biturika

Waragwijije ibitero muri iki gihe hiteguriwe amatora muri Somalia.

Ama hotel yaratewe n'imodoka zitezwemwo bombe hamwe n'ibitero vy'inkoho mu ndwi ziheze.