Papa Francis yasenze mu gacerere i Auschwitz-Birkenau

Ahavuye isanamu, EPA
Papa Francis yahisemwo gusenga mu gacerere mw'ikambi ya Auschwitz-Birkenau, hakuhashikiririza ijambo
Papa Francois yasenze mu gacerere muyahoze ari ikambi aba Nazi biciyemwo abantu ya Auschwitz-Birkenau muri Pologne.
Abantu barenga umuliyoni, benshi muri bo b'abayahudi, bariciwe muri ico kibanza igihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.
Papa yavuze ko, hako ahavugira ijambo aza kuzunguruka yongera avuga igisabisho mu gacerere mu vyumba biciwemwo hakoreshejwe gaz.
Ahavuye isanamu, EPA
Papa Francis yabonanye n'abacitse kw'icumu muri kambi, aranabahezagira
Yabonanye kandi n'abacitse kw'icumu muri ico kibanza ico gihe, hamwe n'abanye Pologne bitanze bagerageza gutabara mu gukura abayahudi mu minwe y'aba Nazi.
Ni umusi ugira gatatu w'urugendo rwa Papa mu gihugu ca Pologne rwo guhimbaza imyaka igihumbi na mirongo itanu iheze ico gihugu cakiriye ubukristu.