Amafoto ya mbere muri Afrika: kuva 22-28/ 07/2016
Amafoto yo hirya no hino muri Afrika yo muri iyi ndwi:

Ahavuye isanamu, AFP
Ku musi wa gatanu, prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta (ntari kw'ifoto) yatumiye abanonotsi bazoja mu nkino za Olympic, baca bafata akanya ko kwifata amafoto anayaruka "Selfie"

Ahavuye isanamu, AP
Abagabo bariko baratwengera uwubafotora, biboneka ko bari banyagiriwe mu mvura nyinshi mu gihugu ca Afrika y'epfo, mu gisagara ca Cap Town ku musi wa kabiri.

Ahavuye isanamu, EPA
Umupolisi ahagaze ku kimenyetso co guhagarika abahita ahari ikirundo c'amabuye cashizweho n'abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingene bataronka ubufasha bwa nkenerwa mu gihugu ca Afrika y'epfo ku musi wa gatandatu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku musi wa kabiri, uyu mupolisi yariko araraba muri camera, ariko aragenda mu kibanza gihejeje kuberamwo igitero c'iterabwoba muri Somalia, ku mugwa mukuru, Mogadishu.

Ahavuye isanamu, EPA
Kuri musi umwe mu kandi karere k'umugabane wa Afrika, abapolisi bavuza umuziki bahimbaza imyaka 169 irangiye igihugu ca Liberia cikukiye, kikava mu minwe ya Amerika.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abatamvyi bo mu bihugu vya Sudan na Eritrea ku musi wa mbere mu birori vy'akaranga k'Ubushinwa na Afrika i Cairo, ku mugwa mukuru wa Misri.

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu amajana n'amajana bakoramiye ku muhana w'uwutavuga rumwe na reta muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Etienne Tchisekedi, yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y'imyaka ibiri yari amaze mu mahanga, ku musi wa gatatu.

Ahavuye isanamu, EPA
Kuri uwo musi nyene, umupfasoni yariko arasemerera ko asemerera ko ashigikiye umugambwe ZANU wa Robert Mugabo ku musi wa gatatu itariki 27 z'ukwezi kw'indwi 2016.

Ahavuye isanamu, Reuters
Iyindi nkofero itukura, ariko yoyo ubu ho yo mu gihugu kibanyi ca Afrika y'epfo, yari yambawe na Julius Malema ku musi wa gatatu, umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta wa Economic Freedom Fighters, mu gihe bitegurira amatora yo mu nzego zo hasi mu ndwi iza.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu myiyamamazo y'umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, kuri uwo musi nyene, hari umuntu yafashe ifoto iri kugicapo hariho iyindi iriko iraboneka kuri televion isa n'iyo nyene.

Ahavuye isanamu, AFP
Mugihe imyiyamamazo iba itaratangura, umuhari w'abapfasoni ba ANC bariko baritunganya neza.

Ahavuye isanamu, AFP
Imisi mike imbere y'aho, ku musi wa gatandatu, uwundi mupfasoni wo mu muhari w'abakenyezi ba ANC ari ku maziko i Ladysmith, y'umukandida wa ANC Khanyisile Ngobese-Sibisi, yarashwe imbere ko amatora aba.
Amafoto ya AFP, AP, EPA and Reuters