U Burundi bwanse irungikwa ry'abapolisi ba ONU

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Leta y'u Burundi ivuga ko abajejwe umutekano bayo bashoboye akazi
Leta y'u Burundi yanse irungikwa ry'abapolisi b'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, guhagararira amahoro mu Burundi nyuma y'umwaka habaye intureka.
Mu ndwi iheze, akanama ka ONU kajejwe umutekano katoye ingingo yashikirijwe n'Ubufaransa yo kurungika abapolisi amajana abiri na mirongo ibiri n'umunani.
U Burundi buvuga ko bwanse ibigize iyo ngingo vyose ngo kuko ihonyanga ubwigenge bw'igihugu.
Leta yavuze ko abajejwe umutekano bayo bashoboye akazi ukuri kwamye.
Abantu barenga majana atanu baramaze kuhasiga ubuzima, abarenga ibihumbi amajana abiri barahunga kuva aho hatanguriye ibikorwa vyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza.
Ivyegeranyo vy'amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, vyegeka ubwo bwicanyi ku mpande zombi zitavuga rumwe mu Burundi.