Umwami w'abami w'Ubuyapani yasavye gutanga imihoho

Ahavuye isanamu, Reuters
Abanyagihugu bari batamariwe inyuma y'aho umwami w'abami w'Ubuyapani Akihito amenyeshereje ko yipfuza gutanga imihoho.
Umwami w'abami w'Ubuyapani Akihito yasiguye impamvu ashimye gutanga imihoho.
Mw'ijambo yashikirije kuri television, yavuze ko imyaka afise hamwe n'amagara make bishobora gutuma atarangura amabanga yiwe neza.
Muri kino gihe, nta tegeko na rimwe rirerukirira umwami w'abami w'Ubuyapani kuva ku butegetsi.
Ariko inyuma gato y'ijambo ryiwe, umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe, yavuze ko azokwihweza neza ku cipfuzo c'uwo mwami.
Ahavuye isanamu, NHK
Umwami w'abami Akihito
Umwami w'abami w'Ubuyapani Akihito yari ku butegetsi kuva se wiwe, Hirohito, yitavye Imana mu 1989.
Inkuru z'uko yoba ashaka kuva ku butegetsi zatanguye kumenyekana mu bimenyeshamakuru kuva mu kwezi guheze.