Igitero ku bitaro muri Pakistani cahitanye benshi

Abakomerekeye i Quetta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashingwamanza n'abanyamakuru bari muri abo bishwe

Abajejwe intwaro bavuga ko igitero c'igisasu cahitanye abantu mirongo itanu na batatu mu muji wa Quetta uri mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu ca Pakistani.

Abantu benshi bakomerekeye muri ico gitero cabereye ku bwinjiriro bw'igisata c'ubuvuzi bwihutirwa, ahari ikiziga c'umushingamwanza yari akomeye yarashwe mu gitondo c'uno munsi.

Abahasize ubuzima barimwo abamenyeshamakuru n'abashingwamanza bari baherekeje ikiziga ca Bilal Anwar Kasi.

Kurasana kwakurikiye ico gisasu, ariko abateye ntibaramenyekana.

Igipolisi ca Pakistani kivuga ko gikeka ko ico gisasu caturikijwe n'umwiyahuzi.

Bwana Kasi, yari umukuru w'urwego rw'abashingwamanza, yarashwe ari mu nzira aja ku nyubakwa ikoreramwo sentare nkuru ya Quetta, nk'uko vyatangajwe na television Geo TV.