Turkiya n'Uburusiya vyiyemeje kunagura imigenderanire

Ahavuye isanamu, EPA
Imigenderanire ya Turkiya na Syria yaratitutse igihe Turkiya yarasa indege y'Uburusiya
Umwe mu bategetsi ba Turkiya avuga ko ubu hari ukubona ibintu kumwe hagati y'Uburusiya na Turkiya, mu bijanye no kunagura imigenderanire.
Uwo mutegetsi yavuze ko inama hagati y'umukuru w'igihugu wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan na mugenzi wiwe w'Uburusiya, Vladimir Putin i St Petersburg, yabaye ngirakamaro.
Uru rwari urugendo rwa mbere rwa bwana Erdogan mu kindi gihugu kuba aho bageragereje kumukura ku butegetsi ku nguvu mu kwezi guheze.
Mu gihe bari bagiye kuganira, umukuru w'igihugu Putin yamenyesheje ko babonanye Turkiya iri mu bihe bikomeye mu bijanye na politike yayo yo hagati mu gihugu.
Imigenderanire hagati y'ibi bihugu vyombi yaratitutse cane igihe Turkiya yarasa indege y'Uburusiya ku rubibe rwa Syria.